Chelsea na Arsenal mu kibanza ca 3

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatanu, 2013 - 15:04 GMT
Chelsea na Arsenal bahakwa kuzokinira ikibanza ca gatatu

Chelsea na Arsenal bahakwa kuzokinira ikibanza ca gatatu

Abajejwe ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryo mu Bwongereza, Premier League, bavuga ko Chelsea na Arsenal nizinganya zishobora gukinira ikibanza ca gatatu.

Chelsea niyanganya 0-0 mu rukino rwa nyuma, Arsenal nayo igatsinda 2-1, zizoca zinganya amanota, ibitsindo zinjijwe hamwe n'ibitsindo zinjije.

Hazoca haba urukino rwo kuzitatura, uwutsinda aca aja muri Champions League mu rwego rw'amatsinda ubwo nyene.

Urwo rukino rwobera ku kibuga kindi atari ic'iyo migwi, ku tariki yomenyeshwa hanyuma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.