Sudani irashimwa kubera CECAFA

Abakinyi ba Vital'O batsinda CECAFA muri Sudani
Image caption Abakinyi ba Vital'O batsinda CECAFA muri Sudani

Igihugu ca Sudani cakejwe mu gihe inkino za CECAFA zasozerewe ata ngorane n'imwe ibaye, Vital'O yo mu Burundi ikaba yatsinze APR yo mu Rwanda.

Umumenyereza wa APR, Umudage Andreas Spier yashimye cane Sudani ku kuntu yatunganije inkino mu mutekano kandi zikabamwo uguhiganwa gukomeye.

Umugwi wa Spier watsinzwe 2-0 na Vital'O ejo kuwa Mbere mu rukino rwa nyuma rwari rwavuzweko vyinshi kubera ikibazo c'umutekano mu turere twa Kordofan y'ubumanuko na Darfur, hakaba kandi hari imigwi yikuye mw'ihiganwa.

Mu rukino rwa nyuma, Abanyarwanda vyaraboneka ko bategera Abarundi, batsindiye ikombe ca championa iwabo, bakaba barakinye umupira uteye igomwe kuva mu ntango z'ihiganwa mu kwezi guheze, babandanya gutyo gushika ku rukino rwa nyuma.

Vital'O yatahukanye intsinzi ku bitsindo bibiri vyinjijwe mu gice ca kabiri na kapitene Amisi Tambwe hamwe na Christian Mbirizi.

Tambwe yahejeje ihiganwa ariwe yinjije bitsindo vyinshi kurusha abandi (yinjije bitandatu), akaba yarinjije ica mbere mu rukino rwa nyuma n'umutwe neza cane ku munota wa 64.

Mbirizi yaje kwinjiza ica kabiri haciye iminota itatu, Vital'O ibangamiye cane abakinyi b'inyuma ba APR.

Ni ubwa mbere uyu mugwi wo mu Burundi utsinda iri higanwa rya CECAFA.