Marion Bartoli yatwaye igikombe ca Wembledon

Image caption Marion Bartoli yatwaye igikombe ca Wembledon

Umufaransakazi Marion Bartoli yatahukanye ubwa mbere igikombe ca Grand Slam ku ntsinzi ya 6-1 6-4 kuri Sabine Lisicki mu rukino rurangiza amahiganwa ya Wembledon.

Bartoli w'imyaka 28, yatsinze set ya mbere mu minuta 30 mu gihe Lisicki bimunaniye kwihagararako, aho bwari bubaye ubwa mbere ashika mu rukino rwa nyuma rwa Grand slam.

Umudagikazi Sabine Lisicki yagaragaye nk'uwucitse intege, amosozi amutanga hasi muri set ya kabiri, amaze kubona ko atakibujije Bartoli guterura isahani ya Venus Rosewater, ikimenyetso c'intsinzi.

Bartoli yarangije afise ububabare, aho yaciye arwa hasi akimara kubona ko intsinzi ari rwiwe.