Tike z'igikombe ca 2014 muri Brezil zatanguye kugurishwa

Image caption Ama tike ya Brezil 2014 yatanguye kugurishwa

Ama tike y'igikombe c'isi mu mupira wa maguru kizokinirwa muri Brezil mu 2014 zantanguye kugurishwa ku rubuga rwa internet rwa FIFA.

Umunyamakuru wa BBC akurikirana ibica kuri urwo rubuga avuga ko hari abantu benshi bariko baragura ay'urukino rwa mbere n'urwa nyuma.

Ama tike arenga milioni zitatu niyo yitezwe kuzotangwa muri iryo higanwa rizotangurwa kw'itariki 12 z'ukwezi kwa 6. Ariko abagura ama tike ubu ntibazi uwo bazororera uwariwe gushika hamenyekanye ingene imigwi izohura mu kwezi kwa 12. Itike igurwa kuva ku ma dollars 15 ku banye Brezil bamwe bamwe gushika ku ma dollars igihumbi ku rukino rwa nyuma.