Gareth Bale muri Real Madrid

  • 2 Ukw’icenda 2013
Gareth Bale
Image caption Gareth Bale abaye umukinyi wa mbere aguzwe amafaranga menshi ubwo arushije Christiano Ronaldo

Gareth Bale yeretswe abakunzi ba Real Madrid inyuma yo ku gurwa amafaranga ya mbere menshi gushika ubu, milioni 85.3(milioni ijana z'ama euros) muri Tottenham yo mu Bwongereza.

Uwo mukinyi avuka muri Wales yasanganiwe n'abakunzi barenga ibihumbi 20 igihe yinjira yamnbaye kostime yirabura ku kibuga ca Barnabeu.

Avuga muri rurimi rw'iki espanyol, uwo mukinyi w'imyaka 24 yabwiye abaja kumusanganira ati ''n'indoto kuza ngaha Madrid. Murakoze kuri iri kaze''. Bale yaciye yerekanwa ku kibuga yambaye agapira k'inomero 11.

Yaguzwe milioni 85.3 z'amafaranga y'abongereza (milioni ijana z'ama euros) akaba arushije Christiano Ronaldo Real Madrid yari yaguze milioni 80 kuri Manchester United mu 2009.

Gareth bale yemeye umushahara w'ibihumbi 300 (300.000) ku ndwi ku masezerano azomara imyaka itandatu. Uwo muhungu avuga ko yari imaze imyaka 6 myiza muri Tottenham ariko ngo hari hageze ko asezera.