Di Canio: Yirukanywe bivuye ku bakinyi

Paolo Di Canio
Image caption Paolo Di Canio

Abakinyi bakuru muri Sunderland babonanye n'umuyobozi mukuru w'uwo mugwi, Margaret Byrne, bidogera umumenyereza Paolo Di Canio imbere y'uko yirukanwa.

Di Canio yagiranye inama ikaze cane n'umugwi kuwa Mungu nyuma yo gutsindwa na West Bromwich Albion, 3-0.

Nyuma yaho, abakinyi bakuru babwiye Byrne ko amazi amaze kurenga inkombe kubera ugutyoza no gutuka abakinyi bigirwa n'uwo mumenyereza w'Umutariyano.

Sunderland ifise inota rimwe gusa mu mikino itanu ya Premier League mu mahiganwa y'ubu.

Uwahoze amenyereza Chelsea na West Brom, Roberto Di Mateo bivugwa ko ari we ashobora gusubirira Di Canio, ariko Gus Poyet, Tony Pulis na Alex McLeish nabo bahabwa amahirwe.