Kipsang yeshe umuhigo muri marathon

Wison Kipsang amaze kwesa umuhigo mu Budage
Image caption Wison Kipsang amaze kwesa umuhigo mu Budage

Umunye Kenya Wilson Kipsang, yeshe umuhigo mu kwiruka Marathon mu muji wa Berlin mu Budage, akaba yakuyeko amasegonda 15 ku mwanya wari uwa mbere.

Uwo mugabo w'imyaka 31 yagize umwanya w'amasaha abiri, iminota itatu n'amasegonda 23, arusha umwanya wahahora wa mbere kw'isi wagizwe na Patrick Makau haciye imyaka ibiri.

Ico gihe naho nyene vyabereye ku murwa mukuru w'Ubudage, igihe Makau yagize umwanya w'amasaha abiri, iminota itatu n'amasegonda 38.

Bagenzi ba Kipsang b'abanye Kenya, Eliud Kipchoge (2:04:05) na Geoffrey Kipsang (2:06:26) bahejeje ari uwa kabiri n'uwa gatatu kuri urwo rutonde nyene.