Ashley Young mu mazi abira

Umukinnyi Ashley Young
Image caption Umukinnyi Ashley Young

Umukinnyi Ashley Young wa Manchester United ubu ari mu mazi abira kubera ingeso akomeje kuregwa wo kwigwisha.

Ndetse ibi bikaba bishobora gutuma umutoza Davis Moyes amukuraho ikizere cyose.

Manchester United ngo isanga imyitwarire y'uyu mukinnyi wo hagati ishobora kwanduza isura y'ikipe.

Mu mukino w'igikombe cy'Uburayi uherutse guhuza Manchester United na Real Sociedad, Ashley Young yarigushije mu rubuga rw'amahina, umusifuzi ategeka ko batera penaliti uretse ko itinjiye.

Abasesengura umupira w'amaguru mu Bwongereza baravuga ko guhimba amakosa kuri uyu musore bishobora kuba birusha ibikorwa na Luis Suarez wa Liverpool nawe ukunze kunengwa.