FIFA irihweza gufatira ibihano Simunic

  • 22 Ukw’icumi na rimwe 2013
Abafana ba Croatia

Urukino rwahuje Croatia na Iceland ku munsi wa kabiri, rwahaye Croatia itike yo kuja guhiganirwa igikombe c'isi mu mwaka uza.

Amasanamu yerekana umukinyi w'inyuma wa Croatia Josip Simunic, arongoye aba Fana mu kibuga ca Zagreb, bairirmba ururirirmbo rwo ku gihe c'ubutegetsi bwashigikira aba Nazi.

Simunic yafashe micro aririmba mw'ijwi riremnga ngo " for the homeland".

Avuga ko atashetse kubabaza umuntu n'umwe, ariko abategetsi ba Croatia baramaze kumuca ihadabu y'ama dollars hafi 4500 , kubera gukwragiza urwanko rufatiye ku rukoba.