Swansea yakuyemwo Man U muri FA Cup

Swansea yatsinze Man United
Image caption Swansea yatsinze Man United

Swansea yatsinze ku nshuro ya mbere mu mateka yayo ku kibuga ca Old Trafford, aho Wilfried Bony yinjiza ku munota wa 90 Manchester United ica iva muri FA Cup.

Uwo mukinyi w'imbere wo muri Hollande, yateje ibibazo abakinyi b'inyuma ba United mu rukino rwose, yinjije n'umutwe umupira watewe na Wayne Routledge.

Umukino wasa nk'uwuzosubirwamwo mu gihe Man United yari yihanganye nyuma y'aho Fabio Da Silva aherewe ikarata itukura hasigaye iminota cumi ngo urukino ruhere, akoreye ikosa Jose Canas.

Ariko igitsindo ca Bony, caheraheje urukurikirane rw'imikino indwi Swansea yari imaze idatsinda, ikaba ariyo yatanguye kwinjiza ku gitsindo ca Routledge, Javier Hernandez nawe yinjiza kimwe ca United.