Juan Mata yagiye muri Manchester United

  • 26 Ukwa mbere 2014
David Moyes n'umukinyi wiwe mushasha Juan Mata Uwufise ububasha kw’isanamu MAN UTD
Image caption David Moyes n'umukinyi wiwe mushasha Juan Mata

Juan Mata abaye umukinyi wa Manchester United avuye muri Chelsea ku mahera imiriyoni 37 n'ibihumbi ijana vy'amahera y'amongereza.

Uwo munye Espanye akina hagati w'imyaka 25, yasuzumwe n'abaganga uno munsi, akaba abaye umukinyi agira kabiri aguzwe n'umumenyereza David Moyes, nyuma ya Marouane Fellaini yaguze muri Everton imiriyoni 27 n'igice.

Mata ashobora gukina urukino rwa mbere rwa United igihe izohura na Cardiff kuwa Kabiri.

Yagize ati: "Harageze ko ngerageza ibintu bishasha, kandi muri United ni ahantu heza ho kubigeragereza."

Mata yabandanije agira ati: "Nezerejwe no kuba ndonse akaryo ko kugira uruhara mu mateka mashasha ya United.

"Chelsea ni umugwi ukomeye kandi mfiseyo abagenzi benshi, ariko sinshobora kwitesha amahirwe yo gukinira Manchester United. Nifuza gufasha umumenyereza hamwe n'umugwi gushika ku ntsinzi mu myaka iri imbere."

Mata azokwerekanwa icese mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuwa Mbere isaha imwe n'igice ku masaha mpuzamakungu.