Man United 'yizeye' umwanya mu makipe ane ya mbere

Umutoza wa Manchester United, David Moyes Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umutoza wa Manchester United, David Moyes

Nyuma yo kunganya na Arsenal, umutoza w'ikipe ya Manchester United - David Moyes - yashimitse avuga ko agifite ikizere ko ikipe ye izarangiza shampiyona iri mu makipe ane ya mbere.

Kuba muri ayo makipe biha ikipe itike yo gukina mu mikino y'igikombe cy'Uburayi cya Champions League.

Ikipe ya Liverpool ubu iri ku mwanya wa kane kuri uyu wa gatatu yongereye amanota yayo itsinda ikipe ya Fulham 3-2 ku buryo ubungubu irusha Manchester United amanota 11 yose.

Umutoza Moyes avuga ko ikipe ye izwiho ko mu mezi ya nyuma ya shampiyona yotsa igitutu kinshi andi makipe ayiri hejuru ku rutonde.