David Moyes yemanze gutsindwa

  • 26 Ukwa kabiri 2014
David Moyes Image copyright Getty
Image caption Umumenyereza wa Manchester United Davis Moyes

Ku ntsinzi ya 2 vya Olympiakos ku 0 bwa Manchester United, David Moyes yashize ku gatwe kiwe uko gutsindwa.

Uwo mumenyereza wa Manchester United yemeye ko uruhande rwiwe rutatanze ibikwiye kugira ruronke igitsindo mu rukino rwabahuje na Olympiakos yo mu Bugiiriki mw'ihiganwa rya Bulaya Champions League kiri mi gice ca 16.

United ntibabonye iyo umupira uciye igihe Alejandro Dominguez akatishikirije umupira wari utewe na mugenzi we Giannis Maniatis imbere y'uko igice ca mbere kirangira imbere y'uko Joel Campbell Arsenal yatije Olympiakos yinjiza ica kabiri ku munota wa 54.

Moyes avuga ko yatangajwe n'ingene Campbell yakinye kandi ko ata bonye ingene ico gitsindo caje, ariko yizeye ko Man United izokora ibitangaza mw'ijoro ry'urukino rwo gusubiza ku kibuga ca Old Trafford kugira uwo mugwi uzoronke uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma