Arsenal ngo yakwegewe n'ikarata ya Szczesny

  • 12 Ukwa gatatu 2014
Arsenal

Arsenal, hakoranijwe inkino zayihuje na Bayern Munich, yatsinzwe bitatu kuri kimwe , aho bamariye kunganya kimwe ku kindi mu rukino rw' ejo ku kibuga ca Allianz Arena.

Bastian Schweiger niwe yatanguye guhesha igitsindo Bayern, Lucas Podolski nawe aca asubiriza mu nkoko Bayern mu gutsinda igitego ca Arsenal akuye umupira kure.

Ariko inyuma y'urukino rw'ejo, Wenger yashimikiye ku ngingo yo kwirukana umunyezamu Szczesny mu rukino rwa mbere rwabahuje na Bayern, ahawe ikarata itukura, aho Arsenal yatsinzwe bibiri kuri kimwe.

Arsene Wenger avuga ko iyo ngingo yo gukura umunyezamu ariyo yatumye ubudasa bwafashije Bayerm Munich ibatsinda.