Formula 1: Hamilon ntiyahejeje

Lewis Hamilton Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Lewis Hamilton

Umwongereza Lewis Hamilton ntiyahejeje ihiganwa rya mbere ry'uno mwaka ry'ugusiganwa n'imiduga, Formula 1, ryabera muri Australia.

Nico Rosberg yahaye icizere Mercedes ihabwa amahirwe menshi mu mwaka wa 2014, mu kwiharira isiganwa mw'ihiganwa rya mbere y'umwaka Australian Grand Prix.

Uwutwara umuduga wa Reb Bull, Ricciardo yabaye uwa kabiri, asiga Dane Kevin Magnussen, yavyifashemwo neza cane mw'ihiganwa rya mbere atwara imodoka ya McLaren.

Yasize uwo bari mu mugwi umwe, Jason Batton, uwutwara Ferrari, Fernando Alonso, aba uwa gatanu.

Hamilton yagize ibibazo vy'icuma c'imoteri kuva mu ntango y'isiganwa, aca aja mu kibanza ca kane ubwo nyene kandi yari yatanguye ari imbere.

Yaciye abwirizwa kuva mw'ihiganwa mu kuzunguruka kugira gatatu.