Urukino rw'igihumbi rwa Arsenal kuri Wenger

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Arsene Wenger, umumenyereza wa Arsenal

Ibi bitego 6 nivyo vya mbere Chelsea ironse kuva yongeye kuyoborwa n'umumenyereza Jose Mourinho.

Urukino rw'uno munsi kandi nirwo rwari urwa mbere rubahuje na Chelsea kuva bwana Mourinho avuze ko bwana Wenger ari " umuhinga wo gutsindwa".

Arsene Wenger yatanguye kumenyereza umurwi wa Arsenal kuva mu 1996.

Mu myaka yiwe ya mbere, Arsenal yatwaye ibikombe bitatu vya Premier League, na bine vya FA , ariko kuva mu 2005 ntirasubira gutwara igikombe.