Ica kabiri ca Champions League

  • 11 Ukwa kane 2014
Abazokina ica kabiri ca Champions League 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abazokina ica kabiri ca Champions League 2014

Imigwi izokina muca kabiri ca Champions League iramaze kumenyekanya nyuma ya tombola yabaye uno munsi

Chelsea ya Jose Mourinho izohura na Athletico De Madrid, urukino Chelsea yibaza ko ruzoyorohera.

Chelsea yashitse mu ca kabiri c'ihiganwa imaze gukuramwo Paris St-Germain yo mu Bufartansa.

Nayo Athletico De Madrid yaronse itike yo kuja mu ca kabiri yirengeje Barcelona ku buryo bwatangaje benshi.

Urundi rukino ruzohuza Real Madrid na Bayern Munich, imigwi benshi bavuga ko ariyo yarushije cane iyindi mw'ihiganwa Champions League ry'uno mwaka.

Bayern Munich isanzwe ariyo ifise igikombe giheruka, yiyongeye amahirwe yo kukigumana uno mwaka mu gukuramwo Manchester United.

Real Madrid yakuyemwo Dortmund yo mu Budage, uyu mugwi ukaba washitse mu rukino rwa nyuma mu mwaka uheze.