Rodgers avuga ko ivya Liverpool vyaheze

Brendan Rodgers Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Brendan Rodgers

Umumenyereza wa Liverpool, Brendan Rodgers, avuga ko indoto ya Liverpool yo gutwara igikombe ca Premier League yaheze

Liverpool yitesheje amahirwe y'amanota atatu mu kunganya na Crystal Palace kandi yari yayitsinze 3-0 urukino rusigaje iminota cumi.

Ubu Liverpool ni iya mbere ku rutonde irusha inota rimwe Manchester City, ariko yoyo ifise urukino itarakina ikaba kandi ifise ibitsindo vyinshi.

Rodgers yagize ati: "Nta nkeka, Manchester City izogitwara.

"Twari dukene gutsinda kugira tubagumize ku majanja gushika ku rukino rwa nyuma ariko ntavyo twakoze."

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Suarez (hagati) vyaramwanse yiyuha amarira ahozwa na Gerrard (i buryo)

Umukinyi w'imbere wa Liverpool, Luis Suarez, yavuye mu kibuga yiyuha amarira nyuma yo kunganya na Palace.

Yahojejwe na kapitene wiwe, Steven Gerrard, amushira ukuboko ku rutugu yirukana camera za television.

Liverpool yasa niyatahukanye intsinzi mu gihe ibitsindo vya Joe Allen, Daniel Sturridge na Suarez, vyayihaye umwitazo wa 3-0 nyuma y'iminota 55.

Ivyo bitego vyari gushira Liverpool ku manota atatu imbere ya City, bikanagabanya ibitsindo zirushanya bigasigara ari bitandatu.

Ariko Liverpool yasubije ibirenge inyuma hasigaye iminota 11 ngo urukino ruhere, Damien Delaney yishura ica mbere, akurikirwa na Dwight Gayle yinjije bibiri, ica nyuma kibaba cinjiye hasigaye iminota ibiri ngo urukino ruhere.