Wenger ati akari inyuma karahinda

Wenger yemeza ko Arsenal igiye gusubira gutwara ibikombe Uwufise ububasha kw’isanamu NA
Image caption Wenger yemeza ko Arsenal igiye gusubira gutwara ibikombe

Umumenyemereza wa Arsenal, Arsene Wenger, avuga ko gutwara FA Cup mu gutsinda Hull City kurya ishobora kuba intango y'ibihe vy'intsinzi.

Arsenal yigwanyeko imaze gutsindwa bibiri ku busa, itahukana intsinzi kuri 3-2 mu mwanya w'inyongera, ironka igikombe ca mbere mu myaka icenda.

Wenger yagize ari: "Cari igihe gikomeye cane mu mateka y'uyu mugwi", akaba kandi yemeje ko yashize umukono kuyandi masezerano.

Yabandanije agira ati: "Gutsindwa kwari kuba ugusubira inyuma kwa cane, ariko gutsinda ni intango nziza yo kuja imbere."

Amasezerano ya Wenger yo kumenyereza Arsenal yagomba guhera rino ci, ariko yagumye yemanga ko ashaka kubandanya amenyereza uwo mugwi, amenyereje kuva mu 1996.

James Chester na Cutis Davies binjije bibiri vya Hull mu minota umunani urukino rugitangura, ariko Santi Cazorla yishuye kimwe imbere yuko baja kuruhuka.

Laurent Koscielny yinjije ico kunganya, urukino ruca ruja mu mwanya w'inyongera, Aaron Ramsey aca akura Arsenal mu menyo yingwe mu kwinjiza ica gatatu c'intsinzi.