Frank Lampard yasezeye Chelsea

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Frank Lampard

Mu kiringo c'imyaka 13 akinira Chelsea, Frank Lampard yayihesheje ibikombe 3 vya Premier League, n'ibikombe vy'umugabane wa Bulaya, Europian Champions' League.

Yanabaye umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mur'uwo murwi, aho yinjije ibitego 209.

Uwo mugabo w'imyaka 35 ari kumwe na umurwi w'igihugu w'Ubwongereza iyo uri muri Miami, witegurira inkino za igikombe c'isi zizobera muri Brezil kuva mu mpera z'uku kwezi.

Ntiyiteze kugira umurwi umwegera ngo bagirane amasezerano kugeza izo nkino zirangiye.