Amategeko yo kuterekana umupira w'amaguru

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Hari benshi mu ntara ya Adamawa batazasha kubona ikipe mu mikino imwe ya Nigeriya

Abategetsi bo mu ntara ya Adamawa muri Nigeria bategetse ko ahantu hose hari hafite umugambi wo kwerekana kuri televiziyo imikino ya nyuma y'igikombe cy'isi mu mupira w'amaguru, hafungwa.

Igisirikare cyo muri iyo ntara yo mu majyaruguru y'uburasirazuba cyavuze ko kimaze kubona amakuru y'ubutasi avuga ko hari abantu bagambiriye gutega ibisasu aho hantu bazareberamo iyo mikino.

Adamawa n'imwe mu ntara zasinzikajwe n'ibitero by'intagondwa z'abayisilamu, ikaba yarisanzwe igengwa n'amategeko y'umukwabu.