Ghana ntiyabashije kwikura Amerika

Igitsindo ca Dempsey cinjiye mu masegonda 29 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Igitsindo ca Dempsey cinjiye mu masegonda 29

John Brooks yinjije n'umutwe mu mpera z'urukino aha intsinzi Amerika kuri Ghana mu rukino rwa mbere rwayo mu muce G.

Clint Dempsey yinjije icambere ca Amerika ku musegonda wa 29, kikaba arico gitego kiza ku kibanza ca gatanu mu kwinjizwa vuba mu mateka y'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru.

Yaciye mu rya humye John Boye, aca yinjiza neza cane n'ukuguru kw'ukubamfu.

Ghana yikubise agashi yongereza ubunyarutsi, Andre Ayew yinjiza neza cane ahawe na Asamoah Gyan, aba yishuye ica Ghana.

Amerika yasa niyarushe, ariko Brooks yinjije n'umutwe ari nko nku metero zitatu hatewe korneri, Amerika ica itahukana intsinzi.

Ubu Ghana ifise akazi gakomeye kuko igomba gutsinda vyibura rumwe mu nkino zibiri isigaje gukina na Portugal hamwe n'Ubudage, kugira igire amahirwe na make yo kubandanya mu ca 16 c'ihiganwa.

Nigeria nayo ntiyorohewe

Iwundi mugwi wo muri Afrika nawo utahiriwe ni Nigeria, yanganije ubusa ku bundi na Irani.

Naho ku rupapuro vyagaragara ko Nigeria irusha Irani, nta kugerageza gutsinda na kumwe kwigeze kugaragara.

Nigeria nayo itegereza gutsinda Agentine canke Bosnie-Herzegovine, kugira igire amahirwe yo kubandanya mu mugwi F.