Samuel Eto'o ntaramenya ko akina

Samuel Eto'o ntaramenyesha ko ataza gukina Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Samuel Eto'o ntaramenyesha ko ataza gukina

Kapitene wa Cameroun, Samuel Eto'o, afise imvune kw'ivi ariko ntaramenyesha nimba ataza gukina urukino rubahuza na Croatie uno munsi i Manaus.

Vincent Aboubakar niwe ashobora kumusubirira, mu gihe Jean Makoun ashobora nawe gukina nyuma yo gukira imvune yo ku kirenge.

Umukinyi w'imbere wa Croatie Mario Mandzukic, vyitezwe ko atangura urukino nyuma y'igihano co kudakina umukino wa Brezil, akaba aza gusubirira Nikica Jelavic.

Lucas Modric nawe ashobora kwirengagiza imvune ntoyi yo ku kirenge yagize mu rukino rwa mbere.

Cameroun itegerezwa gutsinda uko bigenda kwose kugira igire amahirwe yo kubandanya mu mugwi A, canke n'imiburiburi ikanganya.