Cameroun na Espagne vyavuyemwo

  • 19 Ukwa gatandatu 2014
Abakinyi ba Espagne basa n'abatumva ivyababayeko Image copyright Getty
Image caption Abakinyi ba Espagne basa n'abatumva ivyababayeko

Cameroun na Espagne nivyo bihugu vya mbere bimaze gusezererwa mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru, Brezil 2014.

Cameroun yatsinzwe urukino rwayo rwa kabiri muri iri higanwa aho yatsindwa mw'ijoro ry'ejo na Croatie 4-0.

Yari yatsinzwe kandi mu rukino rwa mbere na Mexique 1-0, bigasigura ko ivuye mw'ihiganwa itarenganye umuce we A yari isangiye kandi na Brezil.

Uwundi mugwi umaze gusezera muri ano mahiganwa utarenze umuce ni Espagne, nayo nyene ejo ikaba yaratsinzwe urukino rwayo rwa kabiri yikurikiranya.

Espagne ejo yatsinzwe na Chilie 2-0, nyuma yo gutsindwa mu rukino rwa mbere n'Ubuholandi bwihanukiriye ibitsindo 5-1.

Uwo mugwi niwo waheruka gutwara igikombe c'isi giheruka mu 2010, bikaba vyatangaje benshi kuba usezeye utarenganye umuce, kandi uri mu migwi ikomeye kw'isi.