Wimbledon: Andy Murray yasezerewe

Andy Murray niwe wegukanye igikombe cy'umwaka ushize Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Andy Murray niwe wegukanye igikombe cy'umwaka ushize

Mu mukino wa tennis mu irushanwa rya Wimbledon, umwongereza Andy Murray wegukanye igikombe cy'umwaka ushije, yasezerewe n'umunyabulgaria, Grigor Dimitrov.

Nyuma yo gutsinda imikino yo mu kiciro cya mbere cy'iri rushanwa bitamugoye, Murray yatsinzwe amaseti 6-1, 7-6, 6-2 mu mukino wo muri kimwe cya kane.

Mu wundi mukino wo muri kimwe cya kane, Novak Djokovic yatsinze Marin Cilic.

Roger Federer nawe ari mu bandi bakinnyi bateganya gukina kuri uyu wa gatatu muri kimwe cya kane cy'irushanwa.

Harakina kandi Nick Kyrgios wo muri Australia wasezereye ku buryo butunguranye Rafael Nadal ku wa kabiri.