Djokovic yatsinze ihiganwa rya Wembledon

  • 6 Ukw’indwi 2014
Image copyright Getty
Image caption Novac Djokovic yatahukanye igikombe ca Wembledon

Uyu munya Serbia w'imyaka 27, yarushije Roger Federer muri sets zitanu, 6-7 (7/9), 6-4, 7-6 (7/4), 5-7, 6-4, mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rya Wembledon rwabahuje kuri uyu w'Ímana.

Aronse rero igikombe ciwe kigira indwi cíhiganwa nk'iri rikomeye rya grand Slam.

Iyi ntsinziya Djokovic kuri Roger Federer yatumye amahirwe yo kongera gutwara iki gikombe ku ncuro igira umunani kuri Federer amuca mu myanya y'intoki.

Uru rukino rwa nyuma rwamaze hafi amasaha ane.

Mu bakobwa, Petra Kvitova niwe yatahukanye igikombe ca Wembledon atsinze Eugenie Bouchard sets zitatu mu rukino rwamaze iminota 55 gusa.