FIFA ntizohana uwavunye Neymar

  • 7 Ukw’indwi 2014
Neymar ahejeje gukubitwa ivi na Zuniga Image copyright Reuters
Image caption Neymar ahejeje gukubitwa ivi na Zuniga

Ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, rivuga ko ritazohana umukinyi wa Colombie yakiniye nabi Neymar bigatuma aca ava mu gikombe c'isi.

Neymar yagize imvune mu mugongo igihe Juan Camilo Zuniga yamuhwanya mu mugongo amukojeje ko ivi mu rukino rw'ica kane c'ihiganwa kuwa gatanu.

Umugwi ujejwe inyifato muri FIFA uvuga ko udashobra gusubira inyuma ngo uhane umuntu atahanywe n'abahagarikizi, bafashe ingungo yo kutagira ico bakora kuri Zuniga.