Scolari: Umunsi wa mbere mubi

Filipe Scolari (iburyo) asaba abanye Brezil kumubabarira Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Filipe Scolari (iburyo) asaba abanye Brezil kumubabarira

Umumenyereza wa Brezil, Luiz Felipe Scolari, avuga ko gutsindwa n'Ubudage 7-1 wamubereye umunsi wa mbere mubi mu buzima bwiwe, avuga ko ariwe abibazwa.

Brezil yakiriye ihiganwa ry'igikombe c'isi yari imaze gutsindwa 5-0 nyuma y'igice ca mbere i Belo Horizonte, mu gihe Ubudage bwashitse mu rukino rwa nyuma mu buryo buryoheye ijisho cane.

Scolari yagize ati: "Nzokwibukwa nk'umumenyereza yatsinzwe 7-1, ariko nari nzi ko bishoboka igihe nashikira aka kazi."

Uwo mumenyereza yashikanye Brezil ku ntsinzi y'igikombe c'isi mu 2002, yabandanije agira ati: "Umuntu yahisemwo abakina hamwe n'umukenyuro ni jewe. Ni jewe nabihisemwo."

Scolari yavuze ko ukwo gutsindwa, kurusha kure 3-0 Ubufaransa bwatsinze Brezil mu rukino rwa nyuma mu 1998, ariko nakwo gutsindwa kwa mbere gukomeye kumaze gushikira Brezil, ari ibara ryaguye.

Yagize kandi ati: "Ubutumwa bwanje ku banyagihugu ba Brezil n'uko botubabarira kubera ukuntu twakinye nabi."