Howard Webb mu zabukuru

Woward Webb yari amaze imyaka 25 mu buhagarikizi Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Woward Webb yari amaze imyaka 25 mu buhagarikizi

Umuhagarikizi mu mupira w'amaguru w'Umwongereza, Howard Webb, yafashe akaruhuko k'izabukuru nyuma y'imyaka 25 muri uwo mwuga.

Yavuye mu buhagarikizi amaze kugirwa umuyobozi mu vy'ubuhinga mw'ishirahamwe ry'abahagarikizi.

Webb yahagarikiye inkino 500 mu mahiganwa ya Premier League na Football League, hamwe n'urukino rwa nyuma mu gikombe c'isi mu 2010.

Uwo mugabo w'imyaka 43, yatanguye ubuhagarikizi mu 1989, ahera mu ciciro ca Northern Counties hamwe na Football League, ashika mu rwego rwa Select Group rw'abahagarikizi mu 2003.

Webb yagize uruhara mu mahiganwa mpuzamakungu icenda, ahagarikira urukino rwa nyuma rwa Champions League hamwe n'inkino za nyuma zikomeye mu Bwongereza.