Premier League ntishaka "vines"

Image caption EPL ntishaka abakwiza ama video y'ibiringo bikuru vy' inkino ku mbuga nkoranyamabaga

Mu kiringo c'inkino za Premier League giheruka, no mu gihe c'inkino z'igikombe c'isi, hari ibice vyinshi vy'amasanamu y'inkino bita "vines" vyashizwe ku mbuga nka "Twitter" n'ahandi vyafashwe kuri televisiyo.

Abayobozi b'ishirahamwe ry'imirwi ya Premier League, bavuga ko gukora ibi ari ukurenga ku mategeko agenga ubwenge bwite n'ibihangano.

Kuronka uburenganzira ku mikino y'umupira w'amaguru, bitwara amafaranga ashobora kugera mu mariyaridi y'ama dolari.

Premier League iriko ivugana n'imbuga nyinshi nkoranyambaga kugirango amasanamu yashizweko avanweko.