Van Gaal yatsinzwe urukino rwa mbere

Louis Van Gaal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Louis Van Gaal

Urukino rwa mbere rwa Louis Van Gaal nk'umumenyereza wa Manchester United rwaheze atsinzwe na Swansea.

Imbere y'urukino uwo Muholandi yakiranywe igishika n'abarorerezi ku kibuga ca Old Trafford.

Ariko urukino rwaheze United itsinzwe, bukaba ari ubwambere itsindwa urukino rwa mbere rw'ihiganwa kuva mu 1972.

Naho yagerageje gukenyura akoresheje ubuhinga bwiwe, ntivyabujije ko umugwi wiwe utsindwa 2-1.

Ibi vyerekana ko akazi karindiriye Van Gaal kugira asubize United kumurongo katoroshe.

Ki Sung-Yueng yinjije ica mbere ca Swansea ku munota wa 28, kiza kwishurwa na Wayne Rooney yinjije neza cane ku munota wa 53.

United yaseye n'iyikangura, biranagaragara ko yari kuronka ica kabiri igihe Rooney yatera kufra ikagwa kw'izamu.

Ariko amahirwe yari aya Swansea, kuko Sigurdsson yaciye yinjiza ica kabiri ca Swansea ku munota wa 72.