Platini ntazohiganwa na Sepp Blatter

  • 28 Ukw’umunani 2014
Michel Platini, umuyobozi wa UEFA Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Michel Platini ngo ntashaka kwitoreza gutwara FIFA, ariko ashaka EUFA

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'i Buraya, Michel Planini, yavuze ko atazohiganwa na Sepp Blatter mu kibanza co gutwara FIFA.

Aho yavuga ari i Monaco, bwana Platini yavuze ko ahubwo azosubira kwitoreza gutwara UEFA.

Ibi abimenyesheje mu gihe bwana Blatter amaze kwemeza ko azokwitoreza kurongora FIFA ikiringo kigira gatanu.

Kwitoza kwiwe ntibishakwa n'ishirahamwe ry'i Buraya ry'umupira w'amagugu, cane cane nyuma yaho bwana Blatter w'imyaka 78, aregenye kuvyo yemeye ku mugaragaro y'uko atazosubira kwitoza.

Ariko amashirahamwe ya FIFA yo ku migabani yindi itanu aramaze kumenyesha ko ashigikiye gusubira kwitoza kwa bwana Blatter.