Kugura abakinyi mu Bwongereza

Ihiganwa rya Premier League niryo ryohoye amahera menshi uno mwaka
Image caption Ihiganwa rya Premier League niryo ryohoye amahera menshi uno mwaka

Iyimukira rya Radamel Falcao mu mugwi wa Man Utd ku munota wa nyuma ryatumye amahera yakoreshejwe mu kugura abakinyi bo mu cicaro ca mbere agera ku mahera akoreshwa mu bwongereza imilioni 835.

Bubaye ubwa mbere ashitsweko hakoreshwa amahera angana gutyo mu kugura abankinyi.

Abakinyi baguzwe ku munota wa nyuma nk’uwagiye muri Man Utd, Di Maria yaguzwe amafaranga akoreshwa mu bwongereza imilioni 59.7, niyo yatumye ayo mahera ashika ku gitigiri kitari bwaboneke.

Abahinga ku bijanye n’imitahe bo mu kigo ca Deloitte bavuze ko umumenyereza Van Gaal yakoresheje amahera yababa amapound imilioni 85.

Niyo amahera menshi ya mbere akoreshejwe n’umugwi mu kugura abakinyi mu kiringo kimwe.

Ku musi wa nyuma w’ihererekanywa ry’abakinyi, imyumvikano yose iba yabaye imenyekana inyuma ya 5 z’ijoro amasaha yo mu Bwongereza, ariko imigwi irongerwa iyindi saha yo guheraheza amasezerano baba bamaze gutangura.

Inkuru y’uko Falcao agiye gukinira umugwi wa Man Utd yamenyekanye isaha 1 n’igice mu gitondo, inyuma y’iminota 32 gusa yari iheze Welbeck yahora muri uwo mugwi, ahejeje kugurwa n’umugwi wa Arsenal.

Umugwi wa Man City nawo wamenyesheje ko Alvaro Negredo yatijijwe umugwi wa Valancia isaha 5 n’iminota 28.

City kandi yatije umukinyi Micah Richard umugwi wa Fiorentina wo mu Butaliano, mu gihe Javier Hernandez nawe wa Man Utd yatijwe mu Real Madrid.

Amafaranga asohorwa n’imigwi yo mu cicaro ca mbere, yariyongereye kubera amasezerano y’imiliardi 3 z’amapound bagiraniye n’amatelevision haraheze imyaka ibiri.

Ugureranije n’amasezerano yahahora ayo mahera yongerekanye ku bice 70 kw’ijana.

Amahera menshi yaramaze kugerwako mu guhanahana abakinyi ni amapound imilioni 630, hakaba hari mw’ici riheze, ayo mahera ubu bakaba bayarenganye itariki 14 z’ukwezi guheze imbere y’uko n’inkino zo mu cicaro ca mbere zitangura.