Welbeck yamye ashaka Arsenal

Danny Welbeck Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Danny Welbeck yamye yibonamwo gukinira Arsenal

Umukinyi w'imbere Danny Welbeck avuga ko yamye yibona akinira Arsenal akiri muri Manchester United, kandi ngo anezerejwe cane no kuja muri iyo kipe yo mu buraruko bwa London.

Uwo mukinyi w'imyaka 23 yagiye muba Gunners ku mahera imiriyoni 16 z'ama pound ku munsi wa nyuma wo kugurisha abakinyi.

Yari muri United kuva akiri umwana w'imyaka umunani.

Ariko yabwiye urubuga internet rwa Arsenal ati: "Namye nibona nkina muri ino kipe kuva kera. Kuba bishobotse rero ni ibintu binezereje cane."

Welbeck yagiye mu mugwi w'abakuze wa United mu 2008, kuva ico gihe akaba yaratanguye inkino 53 za Premier League, akina izindi 39 asimbuye abandi.

Ariko guhabwa amahirwe yo gutangura urukino kwaragabanutse kuva haje umumenyereza Louis van Gaal, yashikirijwe ayo mabanga mu kwezi kwa gatanu.

Welbeck yatanguye urukino rumwe gusa rwa United muri uno mwaka, aho batsindwa 4-0 na Mk Dons mu nkino za kabiri z'ihiganwa rya League Cup mu ndwi iheze.