Inkino z'igikombe ca Afrika

Emmanuel Adebayor akinira Tottenham na Togo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Togo yahawe ingonga no kugaruka kwa Emmanuel Adebayor nyuma y'amaze 18

Inkino zo mu migwi mu guhiganirwa itike yo kuja mu gikombe ca Afrika c'umupira w'amaguru muri Maroc mu kwezi kwa mbere, zitangura uno munsi.

Ibihugu 28 bihiganirwa ibibanza cumi na bitano bisigaye mu gihe Maroc yoyo itegura inkino isanganywe itike.

Gutegura izi nkino vyabangamiwe n'ukutamenya nimba ibibanza zigomba kuberamwo bizoba vyuguruye kubera ikiza ca Ebola.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, ryategetse Guinea na Sierra Leone kwimurira inkino zavyo zo muhira mu bindi bihugu kubera iyo ndwara.

Kwimura inkino

Guinea yimuriye urukino rwayo rwo mu mugwi E na Togo ku murwa mukuru wa Maroc, Casablanca.

Guinea yahuye n'ibibazo mu gutegura uru rukino, harimwo gukomereka kwa Florentin Pogba, mwene wabo na Paul Pogba akinira Ubufaransa.

Yakomeretse mu mutwe mu rukino Saint Etienne yatsinze yihanukiriye Paris Saint Germain, 5-0 ku wa mungu.

Abandi nabo bataza gukina, ni umukinyi wo hagati wa Lorient, Abdoulaye Sadio Diallo, hamwe na rutahizamu wa Lyon, Mohamed Lamina Yattara.

Togo yahawe ingoga no kugaruka kwa Emmanuel Adebayor nyuma y'amezi 18 adakina inkino mpuzamakungu.

Uwo mukinyi w'imbere wa Tottenham Hotspurs, w'imyaka 30, yaranse kwitaba inkino zo guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi mu mwaka uheze, kubera gushwana n'umumenyereza Didier Six nyuma y'igikombe ca Afrika mu 2013.