Liverpool ikozwe mu jisho gatatu

Liverpool yatsinzwe ubugira gatatu mu mukino itanu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Liverpool yatsinzwe ubugira gatatu mu mukino itanu

Liverpool yatsinzwe umukino wa gatatu mu mikino itanu ya Premier League, West Ham ikaba ariyo yaserutse ku kibuga ca Upton Park.

Ibitsindo vyinjiye kare vya Winston Reid na Diafra Sakho, vyagoye cane Liverpool ariko yashoboye kwishura kimwe cinjijwe na Raheem Sterling imbere y'uko igice ca mbere gihera.

Igice ca kabiri gitanguye, Liverpool yakozwe uko ishoboye kwose irasatira cane.

Ariko umunyegoli wa West Ham, Adrian, yafashe imipira myiza cane yikurikiranya, Morgan Amalfitano aca aheraheza intsinzi ya mbere ya West Ham muhira ku munota wa 88, urukino ruhera ari 3-1.