Dennis Kimetto yaciye umuhigo muri Marathon

Dennis Kimetto Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Dennis Kimetto

Umukinnyi wo kunonora imitsi w'umunyaKenya, Dennis Kimetto yaciye umuhigo mu kwiruka marathon.

Kimetto ufite imyaka 30 atsinze irushanwa ry'i Berlin mu masaha 2, iminota 2 n'amasegonda 57.

Yarushije mugenzi we w'umunyaKenya Wilson Kipsang warufite umuhigo wambere yaciye umwaka ushize, amasegonda 26.