Lionel Messi mu rubanza rwo kutariha amakori

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Messi mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa kane i Barcelone

Umukinyi w'umupira muri Barcelone aturuka muri Argentine Lionel Messi agiye kwitaba urubanza rwo kuba atarishe amakori nk'uko umucamanza yabivuze.

Uwo muvamanza yanse ivyari vyasabwe n'umushikirizamanza ko yoheba ivyo akurikiranako Messi kuko se wiwe ariwe asanzwe akurikirana ivy'amafaranga yiwe.

Messi na se wiwe Jorge bagirizwa kuba batarishe ku mayeri amafaranga arenga milioni zine z'ama euros.

Bompi barahakane kuba hari icaha bakoze, ubu bakaba bafise iminsi itanu kugira bunguruze kuri iyo ngingo y'umucamanza.

Bivugwa ko ayo mafaranga bagize amayeri yo kutayariha hagati ya 2007 na 2009.

Ayo mafaranga ajanye n'ayo Messi yaronse ku masezeramo afitaniye n'ama kompanyi nka Banco Sabadell, Danone,Adidas, Pepsi-Cola, Proctor na Gamble hamwe n'ikigo gihungura indya Kuwait Food Company