Mourinho: Nta vanguramoko riri mu mupira w'amaguru

Umutoza wa Chelsea Jose Mourinho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umutoza wa Chelsea Jose Mourinho

Jose Mourinho, umutoza w'ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza ya Chelsea yavuze ko nta vanguramoko riri mu mupira w'amaguru mu Bwongereza nyuma yaho hari abasaba ko amategeko nkayo mu mukino wo muri Amerika (American football) akoreshwa mu Bwongereza.

Mu gihe mu mashampiyona y'umupira w'amaguru mu Bwongereza ya Premier League na Football League harimo abatoza b'abirabura babiri gusa, amategeko nkayo yasaba ko buri gihe habonetse umwanya w'umutoza mu banjojowe mu biganiro bya nyuma bitanga akazi (interview) hagomba kuri harimo byibura umwirabura umwe cyangwa se umuntu ukomoka mu bwoko bwa banyamuke.

Mourinho yavuze ati: "Iyo ushoboye akazi uragahabwa. Iyo urusha abandi uba ubarusha."