Ozil ntazokina indwi 12

Mesut Ozil ntazokina indwi ziri hagati ya 10 na 12 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mesut Ozil ntazokina indwi ziri hagati ya 10 na 12

Umukinyi wo hagati wa Arsenal, Mesut Ozil, azomara indwi cumi na zibiri adakina kubera imvune yo mw'ivi.

Uwo mukinyi w'imyaka 25, asanzwe kandi akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubudage, yakinye iminota 90 y'urukino Arsenal yatsinzwe 2-0 na Chelsea kuwa Mungu.

Ariko yashitse aho Ubudage bwimenyerereza afise ikibazo mw'ivi, bamusuzumye i Munich uno munsi basanga yarakomeretse.

Arsenal isanzwe idafise abandi bakinyi bo hagati, Aaron Ramsey na Mikel Arteta.

Mu rwandiko rwashizwe ku rubuga internet rw'ishirahamwe ry'Ubudage ry'umupira w'amakuru havugwa hati: "Ibipimo vyerekanye ko yagize imvune mw'ivi."

"Kumuvura birimwo kumara indwi zitandatu ivi riboshe ridakoma. Mesut Ozil ashobora kumara indwi 10 canke 12 adakina."