Suarez mu rukino rwa mbere kuva yahagarikwa

Luis Suarez mu rukino rwa mbere nyuma yo guhagarikwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Luis Suarez mu rukino rwa mbere nyuma yo guhagarikwa

Luis Suarez yakinye urukino rwa mbere rwa Uruguay kuva ahagaritswe kubera kurya amenyo Umutaliyano Giorgio Chilellini.

Uwo mukinyi w'imyaka 27 wa Barcelona akina imbere, yashizwe ku rutonde rwa cumi n'umwe bahuye na Arabie Saudite mu rukino rwa kivukanyi.

Suarez ubwa mbere yahagaritswe amezi ane hamwe n'inkino mpuzamakungu incenda, mu nyuma bihindurwa inkino mpuzamakungu z'amahinganwa gusa, nyuma yo kwunguruza.

Ihagarikwa ryiwe rizohera imbere y'urukino ruzohuza Barcelone na Real Madrid itariki 25 z'ukw'icumi