Abafana ba Sunderland ngo bakwiye gushumbusha

Image caption Umurwi wa Sunderland waraye utsinzwe 8-0

Umunyezamu w'umurwi Sunderland wo mu cicaro cambere hano mu Bwongereza, waraye utsinzwe 8-0, yavuze ko uwo murwi wari ukwiye gushumbusha abafana batanze amafaranga baja kurorera.

Abafana ba Sunderland bagera ku 2500 bafashe urugendo rurerure bava mu buraruko bushira ubuseruko bw'Ubwongereza, baja mu bumanuko ku nkengera z' ikiyaga, kurorera aho umurwi wabo wanikirwa n'uwa Southampton.

Umunyezamu w'uwo murwi, Vito Mannone, yavuze ko azosaba bagenzi we bari kumwe mu murwi, gutororokanya amafaranga akwiye itike y'urugendo kwa km 1000 kugenda no kugaruka.

Umumenyereza wa Sunderland, Gus Poyet, yavuze ko urwo rukino, umurwi wiwe wakozemwo amakosa menshi, arirwo "rwa mbere rumumaramaje" ku kibuga c'umupira w'amaguru.