Chelsea ishobora gukinisha Costa kuw'Imana

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Diega Costa wa Chelsea, n'uwo ari imbere, yacenze Mauricio wa Sporting Lisbon, ari inyuma.

Uyu musore w'umunya Espagne w'imyaka 26, yari asanzwe ari mu karuhuko k'ubukiruke, ariko yategetswe gukomeza kwimenyereza ukwa we nyene kugira ntiyanduze abandi.

Ariko umumenyereza wa Chelsea Jose Mourinho, avuga ko ashobora kumushira mu kibuga ca Old Trafford ku munsi w' Imana, mu rukino ruzobahuza na Man U.

Chelsea ishobora kuba idafise Loi Remy kubera imvune yagize bahura na Maribor mu rukino rwa Champions League.

Bizoyigora rero kwirengagiza Diego Costa, umukinyi yabatwaye miliyoni 32 z'ama Pounds, muri urwo rukino rwo kuw'Imana rwa Premier League.