Luis Suarez yanezerewe n'intango muri Barcelona

Luis Suarez Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Luis Suarez yari amaze amezi ane adakina kubera ibihao

Luis Suarez avuga ko yiruhukije cane ahejeje urukino rwiwe rwa mbere muri Barcelone yatsinzwe 3-1 na Real Madrid .

Suarez yari amaze amezi 4 adakina ari mu gihano kubera amenyo yariye uwundi mukinyi mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi muri Brezil.

Uwo mukinyi w'imyaka 27 yaja ava muri Liverpool yaguzwe milioni zirenga 100 z'ama dollars yarinjije igitsindo imbere y'uko asubirizwa ku munota wa 69.

Yavuze ko avanganije ukuryoherwa no kubabara kubera uko gutsindwa ariko avuga ko uwo mugwi umaze kwivyukiranya akatari gake.