Afrika y'epfo yahinduye aho ikinira kubera Meyiwa

Senzo Meyiwa yatewe iteka na Afrika y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Senzo Meyiwa yatewe iteka na Afrika y'epfo

Afrika y'epfo yateye iteka umuhisi Senzo Meyiwa, mu gukinira urukino rwo guhiganirwa itike y'igikombe ca Afrika, mu muji yavukiyemwo wa Durban.

Meyiwa yishwe arashwe kuwa Mungu, kandi yaheruka kugirwa kapitene w'ikipe nserukiragihugu ya Afrika y'epfo.

Urukino rwo kuwa 15 z'ukw'icumi na rimwe rwagomba kubera i Nespruit, ariko ubu ruzobera ku kibuga c'umupira Moses Mabhida.

Meyiwa yabereye kapitene Afrika y'epfo mu nkino za mbere zine zo guhiganirwa kuja mu gikombe ca Afrika, kandi nta gitsindo na kimwe yigeze yinjizwa.

Gukina kwiwe kwafashije Bafana Bafana kugira amahirwe menshi yo kuronka itike yo kuja mw'ihiganwa ryo mu mwaka uza muri Maroc.

Iyo kipe niyatsinda Sudani, izoca ironka iyo tike.