Yaya Toure yiyama gutukwa kuri internet

Yaya Toure ababajwe n'abamutuka kuri internet Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yaya Toure ababajwe n'abamutuka kuri internet

Umukinyi wo wagati wa Manchester City, Yaya Toure, avuga ko uburyo yatutswe ku mbuga nkoranyambaga ari akamaramaza.

Iperereza ry'igipolisi rivuga ko Toure yatutswe kuri Twitter bifatiye ku rukoba rwiwe, haciye amasa make asubiye kwugurura urubuga rwiwe nyuma y'amezi atanu yararwugaye.

Toure yagize ati: "Ni akamaramaza kuri jewe. Hakenewe kugira igikorwa kugira ibintu nk'ibi bihagarare.

"Nshaka ko abantu nk'abo bamenya ko ivyo bariko barakora ari bibi."

Umugwi ujejwe kurwanya ivangura, Kick It Out, uvuga ko waronse ibirego vyerekeye ubutumwa bwo kuri twitter busa n'ubuvangura amoko, uca ubimenyesha igipolisi kuwa mbere.

Kick it Out yavuze ko Toure yari yasubiye kuri Twitter mu masaha make, igihe yatutse ibintu vy'urukozasoni.