Saido Berahino agiye gukinira Ubwongereza

Saido Berahino Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Saido Berahino-yavukiye mu Burundi-ubu akinira umugwi wa West Brom

Umukinyi w'imbere wa West Bwom Saido Berahino yashizwe ubwa mbere ku rutonde rw'abakinira Ubwongereza n'umumenyereza wawo Roy Hodgson.

Uwo musore w'imyaka 21 ashobora kuzokina ubwa mbere mu rukino ruzohuza Ubwongereza na Slovenia i Wembley itariki 15 z'ukwi cumi na rimwe mu nkino zo gukuranamwo mu gikombe ca Bulaya mu mupira w'amaguru.

Berahino, yavukiye mu Burundi,amaze kwinjiza ibitsindo 7 mu nkino za Premier League(icicaro ca mbere mu Bwongereza) muri iki kiringo.

Saido Berahino aramutse ikiniye Ubwongereza mu rukino ruzobuhuza na Slovenia agishobora gukinira ikindi gihigu harimwo n'Uburundi bwamwibarutse .

Ariko hamwe bomukinisha mu rukino rwa gicuti(match amical) gusa, yoshobora gukinira ikindi gihugu.