Ninde mukinnyi w'umunyafurika witwaye neza muri 2014?

Dore umwirondoro w'abakinnyi batanu b'abanyafurika, BBC ishaka ko muhitamwo uwakinnye neza kurusha abandi uzegukana agashimwe kayo muri uno mwaka wa 2014.

Yaya Toure

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Yaya Toure

Mu gihe bubaye ubwa gatanu aja ku rutonde rwa BBC rwo guhitamwo umukinyi wa mbere w'umunyafrika mu rukino rw'umupira w'amaguru, uwo mukinyi wo hagati aturuka mu gihugu ca Cote d'Ivoire yatsindiye ubwa mbere ako gashimwe mu mwaka wa 2013.

Ako gashimwe yaragakwiye mu gihe ar'umukinyiamaze kumenyekana kwageze kure mu runganwe rwiwe.

Ico gihe agashikirizwa yabwiye BBC "bwabundi gutsindira aka gashimwe biraryoshe" aca akita "ikintu gihambaye".

Uwo mukinyi w'imyaka 31 n'umuntu amenyereye gutsinda, amaze kwerekana kwafitiye akamaro kanini umugwi n'igihugu mur'uno mwaka uheze. N'inkingi mu rukino, arengera abo bariko barahiganwa ku nguvu no kw'ishaka afise. Arashobora kuva kw'igori akegera ku rindi agatuma hinjira ibitsindo vyinshi.

Yaragiye mu binyamakuru mu mwaka uheze inyuma yaho umugwi akinamwo wa Manchester City umuheeye i gateau ahimbaza itariki y'amavuko, ivyo bikaba vyahatswe gutuma awuvamwo.

Mu nyuma ico gihe kibishe cahavuye gisubirigwa n'umwanya w'akanyamuneza igihe Toure afashije umugwi gutsindira igikombe kigira kabiri mu myaka itatu mw'ihiganwa Premier League. Yarafashije no gutwara ico mw'ihiganwa Capital One Cup.

Ivyo bikombe bibiri hamwe n'ibitsindo 20 mur'uwo mwaka vyarerekanye ko no mu bihe bigoye, Yaya Toure ashobora ashobora kubirengera agasayangana.

Murayo mahiganwa yaronse ama coups francs menshi akina mu bibanza nka vyose. Ari mu bakinyi bahambaye b'umugwi Manchester City.

Ukudashobora gufasha umugwi w'igihugu ca Cote d'Ivoire kugera kure mw'ihiganwa ry'isi yose ryo mu mwaka w'i 2014, vyasiguwe ko vyaturutse ku rupfu rwa murumunawe.

Urwo rupfu rwatumye adashobora gukina neza mu ntango ry'iryo higanwa munyuma birushirizaho kwanka.

Ariko aguma ashigikiwe n'umugwi wiwe Man City mu kuba yarawukiniye bigashimwa kuva awinjiramwo mu mwaka w'i 2010. N'umwe mu bakinyi bake ashobora guhindura urukino uko avyishakiye.

Ntibizomworohera gufasha umugwi wa Cote d'Ivoire nguje ku rutonde rw'iyihiganigwa igikombe ca Afrika c'imigwi nserukira bihugu ritegekanywa mu mwaka uza.

Gashobora kuba akaryo ka nyuma Toure aronse ko gufasha igihugu ciwe ngo kironke niburiburi umudali w'i feza no gukora ivyo yemereye urwaruka ruriko rurakura.

Kubona umugwi wa Cote d'Ivoire udashika kure ni kimwe mu bintu vyabuze mu buzima bwa Toure ka mukinyi naho aguma ahayagizwa.

Imidali amaze kuronka igizwe n'imidali ibiri yakuye mu mahiganwa abiri yo mu gihugu ca Espagne, ibiri yakuye mw'ihiganwa premier league, uwo yakuye muri Champions League, uwa UEFA Super Cup hamwe n'uwa Fifa Club World Cup.

Mu myaka itandatu ikurikirana yagarutse guhiganigwa agashimwe ka BBC yongera aba umunyafrika umwe ashoboye kuja ku rutonde rwa FIFA rw'abakinyi 23 barondegwamwo umukinyi wa mbere mwiza mur'uno mwaka.

Vincent Enyeama

Image caption Vincent Enyeama

Mu gihe ku mugabane wa Afrika afatwa nk'umunyezamu wa mbere mwiza, Vincent Enyeama ntawumuc'imbere i Buraya.

Ingene yakinyi mu mugwi wa Lille wo mu bu Faransa mu mwaka uheze, vyatumye arfushirizaho kumenyekana no gushika ku bitari bike.

Uwo munya Nigeria w'imyaka 32 yakinye inkino 11 adatsinzwe mw'ihiganwa rya ligue1 mu gice ca mbere co mu mwaka 2013-2014. Muri rusangi, yakinye mu mwaka uheze inkino 21 adatsinzwe, aba agiye imbere y'abanyezamu bo mu mahiganwa atanu ya mbere ya Buraya.

Mu nyuma yahavuye abishimigwa mu gihe muri kuno kwezi kwa gatanu yabaye umukinyi wa mbere w'umunyafrika akina mw'ihiganwa ryo mu bu Faransa rya Ligue1.

Ubuhinga bwiwe yarabwerekanye no mw'ihiganwa ryo mu ci ry'igikombe c'isi yose muri Bresil, aho yashoboye kugarura umupira ugira winjire mu nkino zine, munyuma agenwa umunyezamu wa kane mwiza mw'iryo higanwa.

Uwo m,ukinyi nomero imwe asigaye akurikiranwa na benshi, yatanguye amahiganwa y'uno mwaka neza, haba mw'ihiganwa ryo mu bu Faransa Ligue1 canke muri Europa League.

Ari mu mugwi wa Nigeria, yarafashije kuwugeza ku ntsinzi mu mwaka w'i 2003 no mu mwaka w'i 2004 ari kumwe n'uwundi mukinyi akomeye Enyimba.

Munyuma ari mw'ihiganwa ryo mu gihugu ca Israeli afasha kugeza ku ntsinzi kabiri umugwi wa Hapoel Tel Aviv.

Ikindi umuntu atopfa yibagiye nuko Enyeama yinjije ibitsindo 23 ico gihe yakina mur'uwo mugwi ukomeye kurusha iyindi yo muri Israeli mu gukubita ama penalties n'ama coups francs.

Amaroregwa yakoze mu mugwi Hapoel yatumye arondegwa n'imigwi yo mu bihugu vya Espagne, Portugal, Turquie, ubu Russia na Ukraine mu ci ryo mu mwaka w'i 2011, ariko ahitamwo kuja mu mugwi wa Lille wo mu bu Faransa.

Ico gihe nytivyagenze neza aca asubira muri Israeli mu kwezi kw'umunani mu mwaka w'i 2012, ico gihe akaba yarakoteshejwe n'umugwi Maccabi Tel Aviv wahiganwa na Hapoel.

Amaze gushika mur'uwo mugwi abakunzi b'umugwi Hapoel baramuryagumvye we n'umuryango wiwe bashavujwe n'ukubona umukinyi bahorana akomeye akiniye umugwi bankana urunuka.

Uko bamwanka niko nawe yakinira neza kurusha umugwi wa Maccabi.

Yarerekanye kwari we nkingi y'umugwi w'igihugu ciwe igihe gitsinze mu mwaka w'i 2013, igikombe ca Afrika c'imigwi nserukira bihugu muri Afrika yepfo, nawe akaba umunyezamu wa mbere mwiza mw'iryo higanwa.

Ibindi bitangaza vyakurikiye nuko yafashije umugwi Maccabi gutwra ibikombe bibiri mu mwaka w'i 2013.

Ukuntu yagarura imipira igiye kwinjira n'ubukerebutsi yerekanye mu mwaka w'i 2013 mw'ihiganwa rya FIFA rya Coupe des Confederations ryabereye mu gihugu ca Bresil, vyatumye umugwi wa Lille usubira kumuhamagara.

Vyaribonekeje kw'igaruka ry'uwo munyezamu afise ubuzobere ageze mu gihe akomeye cane, ryofatwa nk'intsinzi kur'uwo mukinyi.

Mu gihe yabaye umunya Nigeria wa mbere atwaye agashimwe Marc-Vivien Foe mu gihugu c'ubu Faransa, Enyeama azoba abaye umunyezamu wa mbere atsindiye agashimwe ka BBC.

Yacine Brahimi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Yacine Brahimi

Kila mwaka, imigwi ikomeye kurusha iyindi yo mu gihugu c'ubu Faransa iratonda umurongo irondera gutora abakinyi barangije mw'ishule karuhariwe Clairefontaine academy.

Mu mwaka w'i 2006, ari muto cane Yacine Brahimi yar'umunyeshule benshi birukira, umwe mu bamurondera ukaba wari umugwi ukomeye Paris Saint Germain.

Ariko abavyeyi biwe bifuje ko yokinira umugwi Stade Rennais, waciye umutegura uramwigisha kugeza ku rwego rwa baccalaureat.

Mu gihe Brahimi nawe nyene atifuza kwirengagiza ibijanye n'ubumenyi, yaciye yemera gukina mur'uwo mugwi w'aba Bretons.

Ahawushikiyemwo ntivyagenze neza. Brahimi yarakomeretse amera nk'ikigugu, akama yashwanye kenshi n'umu coach wiwe Frederic Antonetti.

Amaze kuja mu mugwi Granada, vyaratumye uwo mukinyi wo hagati atangura neza kandi bakamwizera kurusha mu gihugu c'ubu Faransa.

Ukwo guhindura umugwi vyaramukoreye ibitangaza, ukuntu yakina bikaba vyarahayagizwa cane mu gihugu ca Espagne.

Brahimi ntiyashobora kubura ahaca igihe cose yaba akikujwe n'abakinyi bo hagati canke b'inyuma.

Amacenga yiwe yaratuma ashobora kurondera amayira abo bakinana bacamwo bakinjiza.

Ico bamunegurako cagiye kuja ahabona mu mugwi wa Granada, aho basanze atazi guheraheza iyariko arakina.

Mu myaka ibiri no mu nkino zirenga 60, Brahimi yinjije ibitsindo bitatu afasha gutsinda incuro zitanu.

Inyuma yaho yakinye bigashimwa mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose co mu mwaka w'i 2014 ari mu mugwi wa Algeria, vyatumye yimukira mu mugwi wa Porto.

Muri Portugal Brahimi asa n'uwamaze guter'imbere, mu nkino 11 amaze kwinjiza ibitsindo 4 afasha kwinjiza incuro zine.

Ukwo guter'imbere kwariyerekanye no ku rwego mpuzamakungu aho Brahimi yinjije ibitsindo bibiri afasha kwinjiza rimwe mu nkino zine, vyatumye igihugu ca Algeria gishobora kuja mu migwi izohiganigwa Igikombe ca Afrika c'imigwi nserukira bihugu.

Uravye ingene asigaye akina, Brahimi yarongereje akantu: asigaye ashika imbere y'igori ata bwoba kandi afise n'icizere.

Uwo mukinyi mushasha wa Porto yambara inomero umunani agiye kugarukira mu kirere.

Pierre-Emerick Aubamayeng

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Pierre-Emerick Aubamayeng

Pierre-Emerick Aubamayeng agiye ku rutonde rwa BBC ubugira kabiri yikurikiranya kandi ivuga ko naho ari umukinyi akomeye kwari we wenyene mu barabo bakinyi batanu batashoboye kuja mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose muri Bresil.

Naho atashoboye gushika kuriyo ntambwe nini, ariko kubona igihugu ca Gabon kitagiye muriryo higanwa vyaramufashije kuruhuka igihe kirekire.

Mw'ihiganwa ryo mu mwaka uheze, yarafashije Borussia Dortmund kugera ku kibanza ca kabiri mw'ihiganwa rya Bundesliga n'irya German Cup, uwo mugwi utana mu mitwe na Bayern Munich ivyo bihe vyose n'ugushika mu gice ca kane ca Champions league, aho wakuwe mw'ihiganwa n'abahavuye batwara igikombe Real Madrid.

Mu gihe ariho yaragikina ubwa mbere mw'ihiganwa rya Bundesliga nticabujije ko yinjiza ibitsindo 13, mu ntango y'ihiganwa ryakurikiye Aubameyang yarinjirije umugwi wiwe Borussia ushobora gutsinda Bayern 2-0 mu rukino rwo kwugurura rw'ihiganwa German Supercup.

Urwo rukino rwatumye Aubameyang agira icizere muriryo higanwa, mu nkino zine za mbere yinjiza ibitsindo bitatu. Ico umuntu yovuga n'ingene uwo musore w'imyaka 25 yakinye mw'ihiganwa rya Champions league, akinira imbere no ku mpande bitamugoye.

Mu gihe ca mbere agitangura gukinira Dortmund, yagumizwa ku ntebe y'abasimbuzi cane cane mu nkino zikomakomeye. Ariko igihe umukinyi w'imbere Robert Lewandowski agiriye mu mugwi wa Bayern hanyuma Marco Reus yakina ku mpanda agakomereka, Aubameyang yaciye aronka akaryo ko kwerekana ivyashobora.

Amaze kwinjiza rimwe ryonyene mu nkino icenda mw'ihiganwa Champions league agitangura gukina mu gihugu c'Ubudagi, yatumye abahora bibaza ko yoja ku rutonde rw'abakinyi bakomeye banuma mu kwinjiriza Dortmund ibitsindo bitatu mu nkino zitatu za mbere zo mum migwi.

Yavukiye mu gihugu c'ubu Faransa ariko ahitamwo gukinira mu gihugu c'amavukiro ya Se. Uwo mukinyi batazira Panthere du Gabon yavuze ko yashitse ku rugero ariko mu mugwi wa Dortmund kuberako ashobora kwumva ururimi rw'ikidagi.

"Ku bijanye n'ubuhinga, sinashobora gukora ivyo (Coach Jurgen Klopp) yansaba mu mwaka uheze kuberako ntashobora kwumva ururimi kandi nari nko ku yindi si", ivyo yabivugira ku rubuga rwa internet rwa Bundesliga mu ntango z'ukwezi kw'icumi.

Kwumva kwahagaze neza kandi ko yashitse inyuma yaho agurishirijwe imiliyoni 13 z'ama Pounds mu kwezi kw'indwi kwo mu mwaka w'i 2013, uwo mukinyi yahora mu mugwi Saint Etienne yahavuye aja ku rutonde rw'abakinyi 11 batangura bakinye mu rukino rw'ikibanza ca kabiri mw'ihiganwa rya Champions league ryo mu mwaka w'i 2013.

Muri kino gihe umugwi wa AC Milan wagurishije umukinyi nka Aubameyang yakunda guhanahana akama arondera no kwinjiza igihe yakina mur'uwo mugwi akiri muto, utegerezwa kuba wicuza igituma waretse akagenda.

Ku bijanye n'inkino mpuzamakungu, uwo mukinyi akina imbere yatumye igihugu ca Gabon kiguma kibandanya ihiganwa ryo kuja ku rutonde rw'imigwi izohiganigwa Igikombe ca Afrika c'imigwi y'ibihugu, inyuma yaho yinjirije ibitsindo bibiri mu rukino rwabahuza na Burkina Faso mu kwezi kw'icumi.

Gervinho

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Gervinho

Kuva yimukira mw'ihiganwa rya Serie A avuye muri Premier League, Gervinho yasubiye kunaguka asubira ku rutonde rw'abakinyi bakomeye mu mupira w'amaguru bo mu karere ka Afrika.

Agitangura gukinira AS Roma, uwo musore w'imyaka 27 yinjije ibitsindo 12 mu nkino 37.

Ari kumwe na Francesco Totti hamwe na Torino's Alessio Cerci (akina murikino gihe muri Atletico Madrid) yarafashije kurondera ibitsindo kurusha abandi bakinyi bose.

As Roma yahejeje ari iya kabiri mw'ihiganwa rya Serie A iba yinjiye mw'ihiganwa Champions League ubwa mbere mu myaka ine.

Mw'ihiganwa rya Europe's elite club ryo mu kwezi kw'icenda, Gervinho yinjije kabiri kandi niwe yakinye neza kurusha abandi mu rukino rwabahuje na CSKA Moscou batahukanyemwo intsinzi ya 5-1.

Umumenyereza mukuru wa As Roma Rudi Garcia abona kwasa n'uwaronse ico yarondera mur'uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Cote d'Ivoire. Inyuma y'igihe ciza yamaze mu mugwi wa Beveren na Le Mans, yaciyye aja mu mugwi wa Lille amenyerezwa na Garcia ari naho yatanguye gukora izina.

Mu mwaka wa kabiri ari nawo wa nyuma mur'uwo mugwi wo mu bu Faransa, batwaye igikombe ca Coupe de France batwara n'ica Ligue 1ubwa mbere mu myaka 56.

Gervinho yinjije ibitsindo 15 mu nkino 35 zo mw'ihiganwa rya Ligue aca atangura kugira imigenderanire n'imigwi ikomakomeye ya Buraya.

Arsenal niyo yahavuye itwara uwo mukinyi akinira ku ruhande. Naho hari ibihe vyerekana kwashobora kugera kure mur'uwo mugwi w'i Londres, ntiyigeze asayangana.

Igihe ciwe mw'ihiganwa rya Premier League carangiye mu ci ryo mu mwaka w'i 2013 igihe Garcia ashikirijwe kumenyereza umugwi wa As Roma. Uwo mufaransa yaciye agura Gervinho mu bakinyi ba mbere ku mahera imiliyoni 8 y'ama Euro ubone ko yaciye mu mwumvikano.

Nk'abandi bakinyi bakomeye bo mu gihugu ca Cote d'Ivoire barimwo Yaya na Kolo Toure hamwe na Salomon Kalou, yatanguye akiri muto mw'ishule rya ASEC ryo muri Abidjan.

Ni kur'iryo shule uwo mukinyi asanzwe yitwa Gervais Yao Kouassi yaronkeye ubwa mbere itazirano rya Gervinho arihawe n'umumenyereza aturuka mu gihugu ca Bresil.

Uwo mukinyi niwe yasayanganye kurusha abandi bakinyi bo mu gihugu ca Cote d'Ivoire mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu gihugu ca Bresil. Iryo higanwa ntiryabaye ryiza ku mugwi wa Cote d'Ivoire ariko Gervinho we yarahamenyekaniye cane.

Yinjije ibitsindo bibiri harimwo ico yirondereye we nyene bakina na Colombia, afasha Wilfried Bony kwinjiza igitsindo co kunganya mu rukino rwa nyuma rwo mu migwi rwabahuza n'Ubugiriki.

Iyo hataba igitsindo ca Girogios Samaras catumye ico gihugu kibandanya, igitsindo ca Bony cari kuba gikwiye ng'umugwi wa Cote d'Ivoire winjire mu gice ca 16 ubwa mbere mu mateka yawo.

Kumwe na Bony na Yaya Toure, Gervinho n'umwe mu bakinyi bakomeye b'umugwi Les Elephants akaba yarinjije igitsindo c'intsinzi mu rukino rw mbere rumenyerejwe na Herve Renard, batsinzemwo 2-1 umugwi wa Sierra Leone.