Lewis Hamilton yatsinze ihiganwa rya Abu Dabi

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Lewis Hamilton atsinze ubugira kabiri ihiganwa ry'isi muri formule 1

Lewis Hamitlon yatahukanye intsinzi igira kabiri y'isi mu gutwara formule 1 mw'ihiganwa rya Abu Dabi Grand Prix.

Hamilton yari yashitse mu bagira ihaganwa rya nyuma agira kabiri inyuma ya mugenzi we nawe anyonga Mercedes Nico Rosenberg. Yatanguye ari imbere arinda aheze bimeze uko.

Igikorwa ciwe corohejwe n'ingorane z'umuduga Rosenberg yagize.

Izo ngorane zatumye aheza ari uwa 14.

Hasigaye kuzunguruka kabiri ibarabara birukamwo, abafundi ba Ronseberg bamuhanuye guhagarika ariko nawe ababwira ko yumva yobandanya gushika aheze.

Hamilton amaze kurengana umurongo wo kurangiza, umuganwa Hary, yariko ararorera iryo siganwa, yaciye aja kw'iradiyo y'uwo mugwi avuga ati:''Lewis, ni vyiza cane kubona watumye abongereza batabira icuya. Uri indanga''.