Van Gaal yabwiwe ko amahera atabuze

Van Gaal yemerewe gukoresha amahera yose ashaka mu kugura abakinyi Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Van Gaal yemerewe gukoresha amahera yose ashaka mu kugura abakinyi

Umumenyereza wa Manchester United, Louis Van Gall, yabwiwe ko amahera atari ikibazo nimba ashaka kuvugurura ikipe yiwe.

Van Gaal yakoresheje imiriyoni 150 z'amahera y'amongereza mw'ici riheze, harimwo kwesa umuhigo mu kugura umukinyi wa mbere azimvye mu Bwongereza aho yagura Angel Di Maria imiriyoni 59,7.

Ariko naho biri uko United iracari inyuma ya Chelsea amanota 11 mw'ihiganwa rya Premier League.

Umukinyi wo hagati Kevin Strootman n'ab'inyuma Mats Hummels na Diego Godin bari mu baronderwa na United.

Ariko umuyobozi nshingwabikorwa wa United, Ed Woodward, aramaze kuvuga ko kugura umukinyi wo gufasha mu gihe gito mu kwezi kwa mbere bitarimwo.

Aho yafata ijambo mu kwezi guheze yagize ati: "Hari abakinyi turondera dushaka kugura mu ci riza.

"Hagize uwuboneka mu kwa mbere muri bo, ivyo navyo bisa n'ibidashoboka, tworaba uko tubigenza. Ariko amahirwe ni make."

Abegereye United baribaza nimba ikipe ya Roma izokwemerera Umuholandi Strootman w'imyaka 24 akava muri iyo kipe kandi ishaka gutwara igikombe c'Ubutariyano.